Ico abahinga bavuga ku mpamvu inkoto zisomana zikanahoberana

    • Umwanditsi, Helen Briggs
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC ku vya 'Sciences'
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abahinga bagize ubushakashatsi ku nyifato y'ubwoko butandukanye bw'inkende n'inkoto, ibikoko bisanzwe bifise ishusho ihakwa kwegereza iy'abantu, bavuga ko ugukuyakuyana, ugukabakabana, uguhoberana no gusomana imbere y'ibintu vyotera uruhagarara, ubwoba canke umutekano muke, bishobora kuba ari uburyo bwa kera bwo gukomeza urukundo n'ukwizigiranira.

Abo bashakashatsi bo muri Kaminuza ya Durham, basanze izo nkoto n'inkende zikoresha ugukuyakuyana ku mibiri yazo kugira ngo ziremeshanye canke zihumurizanye, imbere y'amatati ajanye no kurwanira ibifungurwa.

Kimwe mu vyabatangaje kurusha ibindi ni uko inkoto, n'ubwo zizwi ko zifise ingeso yo gukara no kurwana, na zo nyene zerekana urukundo mu gukoranako cane, harimwo n'uko imwe yose, mu burwaneza, ishira urutoke rwayo mu kanwa k'iyindi.

Prof. Zanna Clay yavuze ati: "Imbere y'ibintu bishobora gutera ubwoba canke umutekano muke, ziregerana, zigahumurizanya, zigakoranako kandi zigahoberana."

Adondora iyo nyifato, uwo muhinga ayigereranya n'ukuntu abakinyi b'umupira w'amaguru biyegeraniriza hamwe ku muzingi bakavuza akaruru ko kwitera intege no gutsinda ubwoba imbere y'urukino ruba ruhambaye.

Yagize ati: "Biba ari ugushira imbere iciyumviro ca 'twebwe' aho gushira imbere 'jewe'."

Abo bahinga bagiriye ubushakashatsi ku bwoko bw'inkoto butandukanye mu mpongore zikingiwe ziri muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo no muri Zambiya.

Bateguye igerageza risa rwose n'uburyo kama ivyo bikoko bikoresha mu kurondera ico bifungura, bakaba bakoresheje ibiyoba.

Ugukabakabana mu gutsimbataza ukwizigirana no gukorera hamwe

Izo nkoto zarakurikiranywe ziranihwezwa mu kiringo c'iminota itanu imbere y'uko bazizanira ibiyoba. Kandi zari zisanzwe zizi ko ibifungurwa bigira bishike.

Abashakashatsi baregeranije incuro izo nkoto zagaragaje inyifato yo guhumurizanya biciye mu gukuyakuyana ku mubiri, harimwo guhoberana no gusomana.

Basanze inkoto zakoranako zikongera zigahoberana ari zo zari zifise amahirwe menshi yo gushikira ibifungurwa no kubisangirira hamwe mu mahoro.

Barabonye kandi ko imirwi y'inkoto yihanganirana kurusha iyindi yagaragaza cane inyifato yo guhumurizanya biciye mu gukabakabana ku mubiri.

Muri iyo nyifato harimwo n'ico abashakashatsi bise "umurongo wo guhumurizanya", aho inkoto nyinshi zahoberana zikurikirana, imwe inyuma y'iyindi.

Dr Jake Brooker yagize ati: "Kugereranya inkoto n'inkende - bidufasha gutahura neza inkomoko y'inyifato z'ukubana mu kibano n'ingene zo ubwazo, hamwe na twebwe abantu, duhangana n'ingorane canke amatati, uguhiganirwa ikintu no gukorana."

Yongeyeko ko ugukabakabana ku mibiri ari bumwe mu buryo bwa kera cane bwo kuganira no kuvugana, kandi ko bishoboka ko bwabayeho imbere y'ururimi.

Abo bashakashatsi bavuga ko gukoresha ugukuyakuyana ku mubiri mu kugerageza gutsimbataza ukwizigirana no kubana neza bishobora kuba bimaze nimiburiburi imyaka miliyoni indwi.

Ni co gituma, iyo abantu bakoraniye hamwe ku muzingi nk'abakinyi b'umupira w'amaguru imbere y'urukino, bashobora guhobera mugenzi wabo, canke bakamera nk'abamukubise buke buke ku bitugu nk'ikimenyetso co kumuremesha canke kumutera intege, ivyo bigashobora kuba ari inyifato ikomoka ku buryo bwo kubana neza bwatanguye gukoreshwa kuva kera cane, haraciye imyaka amamiliyoni.