Umukuru wa La Liga avuga ko Infantino akwiye gutanga imihoho ku burongozi bwa FIFA
Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo muri Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru rwego rujejwe umupira w'amaguru kw’isi "ruriko rurica umupira w'amaguru”.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru c'Ubutaliyano La Gazzetta dello Sport, Javier Tebas, umukuru wa La Liga, yabajijwe nimba Infantino akwiye gutanga imihoho, Tebas yishuye ati: "Ku bwanje, ego. Ndibaza ko igihe ciwe carangiye".
Ariko rero, avuga ko uyu mutegetsi wa FIFA w’imyaka 56 ashigikiwe cane n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bitandukanye, yongerako ko uburyo bwo gutora umukuru wa FIFA "bwaboreye mu mizi."
Ati: "Nta mukandida n’umwe amuhangara, kuko nta n'umwe yifuza guhiganwa azi neza ko zotsindwa.
"Mu bisanzwe ntiyari akwiye kuguma muri ico kibanza, ariko uko ibintu vyifashe ubu bituma atazovaho".
Tebas yari muri Amerika aho yagiye kwirabira ingene igihugu ciwe ca Espagne gitahukana Igikombe c'Isi c'umwaka wa 2026.
Yagize ati: "Muri iyi misi nkiri hano muri Amerika, numvise abantu benshi bavuga ko batemera Infantino kandi badashigikiye ivyo ariko arakora.
"Barabivuga ariko ntaco bari bukore. Sinzi ikintu kibi kurusha ikindi hagati yo kwinumira no gushigikira ikibi, kuko abinumiye bose barazi neza ibiriko birononekara mu mupira w’amaguru”.
Vyitezwe ko Infantino atorerwa ikiringo kigira kane mw’ikoraniro rikuru rya Fifa ritegekanijwe mu kwa gatatu kw’umwaka uza, ariko Tebas yemeza ko ikibazo ca Balogun cari gushobora gutuma atakaza iki kibanza.
Iki kibazo ca Balogun carababaje cane Tebas.
Balogun w'imyaka 25 yarakuweko igihano cari gutuma adakina urukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma aho Amerika yahura n'Ububirigi, inyuma y'uko Perezida Donald Trump wa Amerika avyinjiyemwo.
Tebas yavuze ati: "Gufuta igihano cari cahawe urya mukinyi wa Amerika cabaye ikintu gikomeye cane. Imana yose bagize ni uko Ububiligi bwatsinze Amerika, kuko iyo bitaba gutyo, vyari gushobora kuvamwo ikibazo cari gutuma Infantino atakaza akazi kiwe".
"Barashoboye kuzimangana ico kibazo kubera Ububirigi bwatsinze. Ariko ibi bintu ni utuntu duto gusa tubonetse muri vyinshi cane".
Iyo ngingo kandi yaraneguwe cane n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Bulaya, UEFA, aho ryavuze ko ari ikintu “kitari bwigere kibaho, kidashobora kwumvikana, kandi ata nsiguro gishobora kuronka”.
Ico cemezo ni kimwe mu vyatumye mbere umukuru wa UEFA Aleksander Ceferin atitaba urukino rwa nyuma w'Igikombe c'Isi.
Hampande y’ingingo avuga ko itabereye na gato kuri Balogun, umukuru wa La Liga yaraneguye cane akaruhuko abakinyi bahabwa mu Gikombe c'Isi ko kunywa amazi, umwanya muremure w'akaruhuko hagati y'igice ca mbere n'ica Kabiri mu rukino rwa nyuma, hamwe n'iciyumviro co kuzokwongereza igitigiri c’imirwi yemerewe gukina mu gikombe c’isi, gushika kuri 64.
BBC Sport iracagerageza gusaba FIFA kugira ico ivuga kuri ibi bivugwa ku mukuru wayo.
Ayandi makuru ku gikombe c'Isi:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza