Uko Goma yiriwe yifashe kuri uyu wa mbere mu mafoto
Insiguro y'isanamu, Hari abantu baboneka bikoreye ku mutwe imifuko yera, hafi y'ikibuga c'indege ca GomaYatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2
Insiguro y'isanamu, Amasanamu ya video yasuzumwe na BBC yerekana abanyororo batoroka bava mw'ibohero 
Ahavuye isanamu, Moise Niyonzima / EPA
Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba FARDC bicaye hasi inyuma yo gushikiriza ibirwanisho vyabo abasirikare b'Urwanda bamaze guhunga Goma aho bariko batana mu mitwe n'umugwi M23
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Urwanda bakiriye abo muri RD Congo bajabutse bahunze intambara ya Goma 
Ahavuye isanamu, Moise Niyonzima / EPA
Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'Urwanda RDF ariko asuzuma imwe mu nkoho zashizwe hasi n'abasirikare ba RD Congo 
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Bamwe mu basirikare ba Congo biravugwa ko bishikanye ubwabo ku ngabo z'Urwanda 
Ahavuye isanamu, Jospin Mwisha / AFP
Insiguro y'isanamu, Mu gisagara ca Goma, bamwe batanguye guhunga ico gisagara barondera aho bokwikinga 
Ahavuye isanamu, Jean Bizimana / Reuters
Insiguro y'isanamu, Abaharurwa mu bihumbi barondera uko bava mu gisagara ca Goma
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Rubavu ihana urubibe na Goma
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu ba Goma batanguye gukura meza, abarwanyi ba M23 bamaze kugera muri ico gisagara
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Imodokari za bisi (bus) zarindiriye hafi y'umupaka kugira ngo zitware abakozi b'amashami ya ONU 
Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Ibitero ku muji wa Goma vyateje akaga ku banyagihugu basanzwe 
Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Mu kiringo kitarenze ukwezi, gusatira ibice birimwo ivyegereye Goma muri iyi ntambara, kwatumye abarenga 400.000 bata ingo zaboMenya byinshi