IKIBIRIRAHO, Aba Houthi bavuga ko bateye ubwato bw’igitoro inyuma y'uko Amerika yongeye gutera Iran

Aba Houthi bo muri Yemen bavuga ko bateye ubwato bubiri bw’igitoro bwo muri Arabia Sawudite mu Kiyaga Gitukura (Red Sea), inyuma y'uko Amerika igavye ikindi gitero kuri Iran mw’ijoro rigira 12 ubudasiba.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Uburusiya busaba Amerika guhagarika guha Ukraine ibirwanisho

    Umuvugizi w'ubushikirangaji bw'imigenderanire bw'Uburusiya Maria Zakharova yasohoye ifoto y'umubonano wa Lavrov na Rubio

    Ahavuye isanamu, t.me/MariaVladimirovnaZakharova

    Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w'ubushikirangaji bw'imigenderanire bw'Uburusiya Maria Zakharova yasohoye ifoto y'umubonano wa Lavrov na Rubio

    Mu gihe ibitero hagati y’Uburusiya na Ukraine bibandanya uko bukeye uko bwije, Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) irasaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika guhagarika guha ibirwanisho Ukraine.

    Ibi ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano hagati y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’Uburusiya na Amerika, iruhande y’inama y’akarere ka Aziya bahuriyemwo.

    Ariko, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yabwiye mugenziwe wa Amerika, Marco Rubio, ko Moscou igishigikiye inzira y’ibiganiro mu ntumbero yo kurangiza iyi ntambara Uburusiya bwatanguje kuri Ukraine, intambara iri mu mwaka ugira gatanu.

    Hagati aho, Perezida Donald Trump wa Amerika yaragabanije cane imfashanyo za gisirikare Amerika yahora iha Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine), mu gihe arondera ingene iyi ntambara yohagarara.

    Ubu, imfashanyo nyinshi zisigaye zirungikwa biciye mu bihugu vya Bulaya, umushikiranganji Lavrov akavuga ko iyi ngendo iteza umutekano muke.

    Kugeza ubu, ntaco Marco Rubio arashikiriza kuri ibi bivugwa na mugenziwe w’Uburusiya.

    Hagati aho, impande zompi zirabandanya ziterana ibisasu, aho mw’ijoro ryakeye buri ruhande ruvuga ko rwasubije inyuma ibitero vy’urundi.

    Igisirikare ca Ukraine kivuga ko Uburusiya bwateye iki gihugu bukoresheje ibisasu vya misire vy’ubwoko butandukanye, hamwe n’indege zitajamwo abadereva (drone) 168, kandi ko muri zo 154 zakorowe canke zasamburiwe mu kirere.

    Ku ruhande rwabwo, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko bwakoroye amadrone 223 ya Ukraine hejuru y’intara 17, mu karere ka Crimée bwigaruriye hamwe no mu Kiyaga Azov.

    Ayandi makuru kuri iyi ntmabara:

    Murashobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  2. RDC: Félix Tshisekedi ahamagarira isi kugenzura neza ubutunzi kama

    Kayikwamba

    Ahavuye isanamu, UN Web TV/SCREENSHOT

    Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya RD Congo, Thérèse Kayikwamba Wagner, ni we yasomye ijambo rya Perezida Félix Tshisekedi

    Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) yakoresheje akaryo ifise ko kurongora Inama y'Umutekano y'ishirahamwe ONU mu gutera akamo amakungu ko yoshira inguvu mu kugenzura neza ubutunzi kama.

    Mw'ijambo ryasomwe n’umushikiranganji w’ico gihugu ajejwe imigenderanire, Thérèse Kayikwamba Wagner, Perezida Félix Tshisekedi avuga ko ubutunzi kama bwabaye kimwe mu bintu bihambaye bifitaniye isano n'amahoro, umutekano n'iterambere kw'isi yose.

    ku bwiwe, umutungo kama wategerezwa kugira ikibanza kidasanzwe muri kazoza ka kiremwa muntu, ariko ibintu siko bimeze ahatari hake kw’isi.

    “Mu turere twinshi tw'isi, ubutunzi kama bubandanya buba isoko ry’intambara, bugafasha imirwi yitwaje ibirwanisho, bugatuma ibihugu bigoyagoya, mu gihe abanyagihugu bataronka inyungu zikwiye zivuye mu mutungo kama wabo”.

    Perezida Tshisekedi ashimikira cane ku kibazo gihanze akarere k’ubuseruko bw’igihugu ciwe, aho amabuye y'agaciro acukurwa kandi akadandazwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko, ibi bigatuma imirwi y’inyeshamba ironka uburyo bwo guteza intambara.

    Ati: “Mu buseruko bw'igihugu canje, nta mahoro arama ashobora kuboneka hatabaye urugamba rwo kurwanya icukurwa ry'umutungo kama riteye kubiri n'amategeko, gusambura imirwi yitwaje ibirwanisho, gusambura inzira zose ziyiha uburyo mu vy'amafaranga, be no kuzibira imihora amabuye y'agaciro ava mu turere tw'intambara acamwo mu kwinjira ku masoko mpuzamakungu”.

    Ku bwa Kinshasa, umutungo kama ukwiye kuba isôko ry'amahoro n'iterambere aho kuba intandaro y'intambara n'amatati.

    Tshisekedi ati: “Iyo umutungo kama ukoreshwa mu guteza intambara aho guteza imbere igihugu, ntiba ikiri ingorane y'igihugu kimwe gusa, ihinduka ikibazo kibangamiye amahoro n'umutekano ku rwego mpuzamakungu”.

    RD Congo izwi ko yicaye ku mabuye y’agaciro menshi cane, kandi ko ari yo atuma itigera ironka amahoro arama kubera icukurwa ryayo rikorwa mu kinywabi.

    Perezida Tshisekedi asaba ko hashirwaho ingingo nshasha ku rwego mpuzamakungu zishingiye ku burenganzira bw'ibihugu bwo kuganza amatungo yavyo, gukorera mu muco mu rudandazwa mpuzamakungu, kumenya neza amamuko y'amabuye y'agaciro no kurwanya ingeso yo gukingira ikibaba abakora ivyaha bishingiye ku butunzi.

    Ayandi makuru:

  3. Nicholas Checker: Ibyo wamenya ku wari maneko wa CIA witezwe kuba Ambasaderi mushya w’Amerika

    Nicholas Checker

    Ahavuye isanamu, US State Department / Facebook

    Leta Zunze Ubumwe z'Amerika zatanze izina rya Nicholas Checker nk'umukandida wo kuzibera ambasaderi mushya mu Rwanda.

    Perezida w'Amerika Donald Trump yashyikirije iryo zina Sena ku itariki ya 21 y'ukwa karindwi mu 2026. Ariko mbere yuko atangira inshingano, Checker agomba kubanza kwemezwa na Sena y'Amerika.

    Naramuka yemejwe, azasimbura Eric Kneedler, wari ambasaderi w'Amerika mu Rwanda kugeza mu kwezi kwa mbere mu 2026, wamaze imyaka hafi itatu ahagarariye igihugu cye mu Rwanda.

    Ariko se Nicholas Checker ni muntu ki? Soma byinshi kuri we hano: Nicholas Checker

  4. Arabia Sawudite yoshobora guhingura ibirwanisho vya nikleyere? Amakenga inyuma y’amasezerano na Amerika

    Muri aya masezerano, bivugwa ko Perezida Donald Trump wa Amerika atabanje gusaba  mugenzi we wa Arabia Sawudite, Mohammed bin Salman, kubanza kwemera no kugiriranira imigenderanire na Israel

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Muri aya masezerano, bivugwa ko Perezida Donald Trump wa Amerika atabanje gusaba mugenzi we wa Arabia Sawudite, Mohammed bin Salman, kubanza kwemera no kugiriranira imigenderanire na Israel

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye gufasha Arabia Sawudite gutangura umugambi wa nikleyere uzokoreshwa mu bikorwa vya gisivire.

    Abategetsi bavuga ko aya masezerano y’agaciro k’amamiriyaridi menshi y’amadolari y'Abanyamerika azotuma amakompanyi yo muri Amerika aronka uburyo bwiza cane bwo kwinjira muri uwo mugambi.

    Insiguro ziramvuye z'ayo masezerano ntizirashirwa ahabona, ariko hari amakuru amwe avuga ko yoshobora kwemerera Arabia Sawudite gutunganya uranium ishobora gukoreshwa nk'isoko ntanganguvu, ariko kandi ikanahingurwamwo ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara (vya nikleyere).

    Ariko, umushikiranganji wa Amerika ajejwe amasoko ntanganguvu, Chris Wright, ashimangira ko ayo masezerano azokwubahiriza, ku rwego rwo hejuru cane, amabwirizwa ngenderwako ku rwego mpuzamakungu abuza ikwirakwira ry’ibirwanisho vya nikleyere.

    Aya masezerano ategerezwa gusuzumwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika (Congress), aho bamwe mu bari mu mugambwe w’Abademokarate bavuga ko ari "amasezerano mabi cane".

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  5. Aba Houthi bavuga ko bateye ubwato bw’igitoro inyuma y'uko Amerika yongeye gutera Iran

    Aba-Houthi

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Abarwanyi b'aba-Houthi mu gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza Arabia Sawudite ku mugwa mukuru wa YemenSana'a ku wa 17 Mukakaro (7)

    Aba Houthi bo muri Yemen bavuga ko bateye ubwato bubiri bw’igitoro bwo muri Arabia Sawudite mu Kiyaga Gitukura (Red Sea), inyuma y'uko Amerika igavye ikindi gitero kuri Iran mw’ijoro rigira 12 ubudasiba.

    Ibinyamakuru vya Leta ya Iran vyavuze ko abantu babiri bishwe muri ivyo bitero vya Amerika vyabaye ku wa gatatu, kandi ko ubwato bumwe bw’igitoro bwahiye inyuma yo gufatwa n'igiturika mu nzira itezwemwo ama-mine mu Muhora wa Hormuz.

    Imbere y’uko ibi bitero biba, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yavuze ko azomena ikiraro canke ikigo ntanganguvu muri Irani ari nka hamwe Irani yotera ubwato muri uwo muhora, kandi ko azohigura n’aba-Houthi ari nka hamwe bobuza uruja n'uruza rw'amato mu Kiyaga Gitukura.

    Mu gihe cokwemezwa, ico gitero c'aba Houthi coba ari co ca mbere kuva aho uwo murwi ushigikiwe na Iran utangarije ko uzohagarika " uruja n'uruza rw'amato" ya Arabia Sawudite.

    Umuvugizi w'igisirikare c'aba Houthi, Yahya Saree, yavuze ko bateye ubwo bwato bubiri bakoresheje indege zitajamwo abadereva (drones) n'ibisasu vya misile, babagiriza ko barenze ku mabwirizwa yabo yo kwugara iyo nzira y'amazi.

    Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika muri ako karere (CENTCOM) bwavuze ko isaha zitatu n'igice z'ijoro (21:30 GMT) bwatanguje ibitero ku mabwirizwa ya Trump kugira "ngo bugabanye ubushobozi bwa Iran bwo gutera ubwoba abasivire n'amato y'ubudandaji anyura muri ayo mazi".

    Bidatevye, Koweit, Yorodaniya na Bahrain vyatangaje ko vyahanganye n'ibitero vy'indege, imbere y'uko igisirikare ca Iran kivuga ko cateye ibigo vya Amerika muri ivyo bihugu uko ari bitatu, nk'uko AFP yabitangaje.

    Ibinyamakuru vya Leta ya Iran vyavuze ko abantu babiri bishwe mu bitero vya Amerika vyabereye mu bumanuko bw'igihugu hafi y'urubibe rwa Irak.

    Hagati aho, ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kisilamu (IRGC) ryatangaje ko Umuhora wa Hormuz " wugaye" inyuma y'iturika ryabaye muri uwo muhora, nk'uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryabitangaje.

    IRGC yavuze ko yahagaritse ubwato butatu bw’igitoro bwagomba guca muri uwo muhora.

    Nk'uko ibinyamakuru vya Leta ya Iran vyabivuze, ubwato bumwe bwafashwe n'umuriro, ubundi bubiri na bwo busubira inyuma mu gihe bwagerageza guca mu nzira yatezwemwo ama-mine mu bumanuko bw'uwo muhora.

    Inyuma y’amajambo ya Trump y’ejo ku wa gatatu agabisha, umushikiranganji w'imigenderanire n’ayandi makungu wa Irani, Abbas Araghchi, na we yagabishije ko hazoba "ijisho ku rindi" ku bitero vyose bizogabwa kuri Irani.

    Ayandi makuru:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  6. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.